Akamo ko kwitwararika gukingira umubano hamwe no gukomeza ugushigikirana muri Afirika

Umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ITEKA uri n’iteka ryo ku bitura n’icubahiro ku mabanga yanyu akomeye cane,ku bwigenge bwa Repuburika ya Kenya hamwe no ku ruhara ntangere igihugu canyu gifise ku mahoro, mu gufatana munda n’ukunywana vya Continue reading Akamo ko kwitwararika gukingira umubano hamwe no gukomeza ugushigikirana muri Afirika→

ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI MU KWEZI KWA MYANDAGARO 2026

Iki cegeranyo c’ukwezi kwa Myandagaro 2026 kivuye mu ruvange rw’ivyegeranyo Iteka n’Ijambo vyo kundwi ku ndwi kuva kuri nomero 538 gushika kuri 541.Ico cegeranyo cihweza inyifato y’agateka ka zina muntu.Kiragaruka ku burenganzira bw’abantu no muri politike hamwe n’uburenganzira ku butunzi,imibano Continue reading ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI MU KWEZI KWA MYANDAGARO 2026→

ICEGERANYO CEREKEYE UMWIHWEZO W’ IMISHAHARA Y’ABAKOZI BA RETA MU BURUNDI: UBUSHOBOZI BWO KUGURA,UBUSUMBASUMBANE BW’IMISHAHARA HAMWE N’INGARUKA KU MIBANO N’UBUTUNZI

Akanovera k’intwaro yose kabonekera ahanini ku karusho,intumbero hamwe n’ukworohereza abakozi bayo.Mugihe umukozi wa Reta atagira uburyo bukwiye kugira ashobore kubeshaho umuryango wiwe,ni umwitwarariko wa Reta nyene bigarukako.Mu bihe birangwa n’iduga ryimonogoje ry’ibiciro,ubuzima buguma buzimba kandi ububasha bwo kugura butera butituka,ikibazo Continue reading ICEGERANYO CEREKEYE UMWIHWEZO W’ IMISHAHARA Y’ABAKOZI BA RETA MU BURUNDI: UBUSHOBOZI BWO KUGURA,UBUSUMBASUMBANE BW’IMISHAHARA HAMWE N’INGARUKA KU MIBANO N’UBUTUNZI→

Akamo ko gukingira impunzi z’abarundi hamwe n’abasaba ubuhungiro mu Buganda

Umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi « Iteka » uri n’iteka ryo kubitura n’icubahiro cinshi,ariko kandi n’ukuremerwa bivuye ku bintu biteye agahinda uhejejwe kumenyeshwa. Ishirahamwe ryacu rihejeje kumenyeshwa ko hariho ingingo ishobora gutuma impunzi z’abarundi hamwe n’abarondera ubuhungiro Continue reading Akamo ko gukingira impunzi z’abarundi hamwe n’abasaba ubuhungiro mu Buganda→

IREKURWA RYA GÉNÉRAL ALAIN GUILLAUME BUNYONI : KUVA KU NGUVU Z’ITEGEKO TUJA KW’ITEGEKO RYO KU NGUVU

Icegeranyo gikorewe hamwe c’amashirahamwe abiri azwi neza mu guharanira agateka ka zina muntu gikora ku bisata shingiro mw’itunganywa ry’abanyagihugu muri rusangi cane cane hamwe no emu burongozi bw’amabohero. Dufatiye ku mwihwezo w’ibintu biboneka ariko atari na vyose abapfungwa babayemwo mu Continue reading IREKURWA RYA GÉNÉRAL ALAIN GUILLAUME BUNYONI : KUVA KU NGUVU Z’ITEGEKO TUJA KW’ITEGEKO RYO KU NGUVU→