Iki cegeranyo ca Nyakanga 2026 kigizwe n’uruvange rw’ivyegeranyo vyo kundwi kundwi Iteka n’ Ijambo kuva ku nomero 542 gushika ku 545.Iki cegeranyo cihweza uko agateka ka muntu kifashe.Kiragaruka ku burenganzira bw’abantu no muri poritike n’uburenganzira ku burunzi,imibano n’imico kama hamwe n’uburenganzira bw’imigwi cane cane uburenganzira bw’abana. Iki cegeranyo kirangira mu gusozera hamwe n’ibisabwa.
Gutyo, agateka k’abantu no muri poritike muri kino kiringo ca kino cegeranyo cerekanywe uku gukwirikira: abantu 17 barishwe harimwo 8 batowe ibiziga bikwiragiye mu mihingo itandukanye y’igihugu.Ku bantu bishwe, 16 ni abagabo, 1 ni umugore. Abantu 2 baraborejwe igufa,4 bakorewe amabi afatiye ku gitsina,bose abagore bashurashujwe. Mu bakorewe amabo, ni abagore harimwo 3 bishwe na 5 bashurashujwe,abantu baborejwe igufa ,abantu 5 banyurujwe.
Imbonerakure,abaporisi,abatware n’abandi bantu batari kure y’abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD batatumwa urutoke nk’abikekwa ko menshi muri ayo mabi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu n’ ubwicanyi.Naho bamwe mubakoze amabi ntibaramenyekana,uburyo babikoramwo kenshi busa n’ubwakoreshejwe n’iyo migwi yavuzwe. Soma icegeranyo