Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mundwi yo kuva kuwa 31 Myandagaro gushika kuwa 6 Nyakanga 2026.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka uranihweza ivy’umutekano,ubutungane hamwe n’intwaro. Kirasuzuma kandi ibintu vyerekana ihonyangwa ry’ agateka ka zina muntu no muri poritike, uburenganzira bw’imigwi na cane cane uburenganzira bw’umwana vyaranze iyi ndwi.
Amabi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryibonekeje kandi vyemejwe n’umuhari Iteka bimeze
ugukwirikira: n’imiburiburi abantu 9 barishwe,harimwo 7 batowe ibiziga hamwe n’abana 2 bishwe ;abantu 2 bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo abana b’abakobwa bashurashujwe, abantu 2 banyurujwe hamwe n’umwe yafashwe bunyamaswa aranasuzuguzwa. Mubakorewe amabi ,abagore 2 muribo umugore umwe yarishwe n’umwe yakorewe amabi yo munzu hamwe n’ umukobwa 1 w’umwana yashurashujwe hamwe n’abana 2 bishwe.
Ahanini abikekwako ayo mabi ni abaporisi,abo mw’iperereza,urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi,CNDD-FDD. Soma Icegeranyo