Iki cegeranyo cihweza inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu kiringo co kuva kuwa mbere Mukakaro gushika kuwa 30 Nyakanga 2026,ku gifatiye ku mabi yatohojwe n’umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi « ITEKA » ubicishije ku banywanyi bawo batororokanya bakanakwirikirana.Umwihwezo ukorera ahanini kw’ihonysngwa ry’agateka ka zina muntu no muri poritike,amabi afatiye ku gitsina hamwe n’uko abari mu mabohero bamerewe muri kino kiringo c’amezi 3.Kuri yose hamwe, amabi 118 yaratohojwe muri iki kiringo, akorerwa abantu 131. Uko ayo mabi atonze vyerekana ko ahanini agizwe n’ayakora ku burenganzira ku buzima, aho incuro 67 abantu bishwe, ni ukuvuga 56,8 % y’amabi yakozwe yaharuwe. Inzo ncuro hahitanye abantu 68, abangana na 51,9 % y’abantu bose batohojwe bakozweko n’amabi. Iryo gwirirana ry’ihonyangwa rikabije ni kimwe mu bintu nyamukuru vyerekana inyifato y’agateka ka zina muntu muri iki kiringo c’amezi atatu.
Amabi afatiye ku gitsina (VBG) agize umugwi wa 2 w’amabi yakozwe ku rwo hejuru,ku ncuro 29 z’amabi yakorewe abantu 29 , ni ukuvuga 24,6 % y’amabi na 22,1 % y’abayakorewe. Mu bakorewe amabi afatiye ku gitsina, 15 barashurashujwe na 14 ayandi mabi afatiye ku gitsina. Abagore ni 26 kuri 29 bakorewe amabi, ku bagabo 3, ibishira ahabona uruhande ahanini rukorerwa ayo mabi.Ayandi mabi yatohojwe yerekeye uguhagarikwa, ukunyuruzwa n’ukuborezwa igufa.Uguhagarikwa vyakozwe incuro 10 bikorerwa abantu 21,ukunyuruzwa vyakozwe incuro 6 bikorerwa abantu 7 n’ukuborezwa igufa incuro 6 bikorerwa abantu 6. Hari ikintu ahanini gitangaje kiri mu mwihwezo w’iyo migwi :abakorewe amabi baharuwe mu bahagaritswe,mu banyurujwe no mu baborejwe igufa ni abagabo gusa.Ivyo biranyuranye cane n’ivyabonetse ku mabi afatiye ku gitsina kandi birerekana ubudasa ufatiye ku bwoko bw’amabi. Soma icegeranyo