Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mundwi yo kuva kuwa 17 gushika ku wa 23 Myandagaro 2026.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka uranihweza ivya poritike,umutekano,hamwe n’intwaro.Kirasuzuma kandi ibintu vyerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu no muri poritike vyaranze iyi ndwi.
Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi katohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira: n’imiburiburi abantu 6 bishwe ,harimwo 2 batowe ibiziga n’abana 3 bishwe, hamwe n’abantu 2bashurashujwe,umuntu 1 yakubaguwe hamwe n’umuntu 1 yahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
Ahanini abagirizwa ayo mabi niabo mu ntwaro, abaporisi, abo mw’iperereza hamwe n’urwaruka
rw’ Imbonerakure ziri mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Soma Icegeranyo