Akamo ko kwitwararika gukingira umubano hamwe no gukomeza ugushigikirana muri Afirika

Umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ITEKA uri n’iteka ryo ku bitura n’icubahiro ku mabanga yanyu akomeye cane,ku bwigenge bwa Repuburika ya Kenya hamwe no ku ruhara ntangere igihugu canyu gifise ku mahoro, mu gufatana munda n’ukunywana vya Afirika yo mu buseruko.

Intumbero yacu ikomotse ku mwitwarariko uhasanzwe hamwe no gukinga inyuma y’amatangazo n’intumbero ziheruka kuvugwa ku vyerekeye abanyamahanga bari mu bikorwa bimwe bimwe vy’ubutunzi muri Kenya.Umuhari ITEKA uremera uburenganzira bw’ubwigenge bwa Reta iyo ariyo yose bwo gushiraho poritike yayo y’ubutunzi,yo gutunganya uko imirimo imwe imwe hamwe no gufata ingingo babona ko zikenewe zo gukingira inyungu z’abanyagihugu babo.Ivyo barabirekuriwe. Soma ibaruwa

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*