Icegeranyo cindwi Iteka n’Ijambo n°541

Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mundwi yo kuva kuwa 24 gushika ku wa 30 Myandagaro 2026.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka uranihweza ivya poritike,umutekano,hamwe n’intwaro. Kirasuzuma kandi ibintu vyerekana ihonyangwa ry’ agateka ka zina muntu no muri poritike vyaranze iyi ndwi.

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryibonekeje kandi ryemezwa n’umuhari Iteka rimeze ugukwirikira: n’ imiburiburi abantu 8 barishwe,harimwo 3 batowe ibiziga n’umwana yishwe hamwe n’umwana yapfuye ahitanywe n’igitero c’ingona. Umwana ’umukobwa 1 yarakorewe amabi afatiye ku gitsina mu gushurashuzwa, umuntu umwe yafashwe bunyanaswa akanasuzuguzwa, hamwe n’abantu 6 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko harimwo aba-sirikare 5 n’umuporisi umwe.

Ahanini abikekwa ko ayo mabi ni abaporisi,urwaruka rw’ Imbonerakure zihurikiye mu mugambwe uri ku butegetsi,CNDD-FDD. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*