Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ukwiye kongereza inguvu mu gukwirikirana igikorwa cukubahiriza agateka k’abanyororo

Umuhari Iteka warahamagawe nabapfungwa benshi muri iyi misi iheze hamwe n’abakozi bamwe bamwe b’amabohero ku gateka k’abanyororo kageze ahatemba.Ikibabaje cane nuko amakuru ava mu mabohero atandukanye yemeza ubuzima buteye agahinda mu mpande zose. Uno musi umuhari Iteka usabikanya uko vyifashe Continue reading Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH ukwiye kongereza inguvu mu gukwirikirana igikorwa cukubahiriza agateka k’abanyororo

Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°531

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 15-21 Ruheshi 2026.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka kirihweza kandi nk’ ivya politike,umutekano,ubutunzi,agateka ka zina muntu,ibidukikije,intwaro hamwe n’ ubutungane.Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no Continue reading Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°531

ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI MU KWEZI KWA RUSAMA 2026

Iki cegeranyo c’ukwezi kwa Rusama 2026 kivuye mu ruvange rw’ivyegeranyo vy’indwi Iteka n’ Ijambo kuva kuri nomero 525 gushika kuri nomero 528.Ico cegeranyo cihweza agateka ka zina muntu.Kiragaruka ku burenganzira bw’abantu no muri politike hamwe n’uburenganzira ku butunzi,imibano n’imico kama.Co Continue reading ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI MU KWEZI KWA RUSAMA 2026

Kw’iterabwoba ryakorewe Faustin Ndikumana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike mu Burundi PARCEM

Umuhari ITEKA urashikiriza amakenga menshi kw’itotezwa riguma rikorerwa Faustin Ndikumana,umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike mu Burundi PARCEM, ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike,ryo mugihugu hagati ,ridahengeshanya gukebura abarongozi bo hejuru muri politike kuvyerekeye intwaro itabereye hamwe n’ubukene bukabije aho Continue reading Kw’iterabwoba ryakorewe Faustin Ndikumana, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe ridaharanira inyungu za politike mu Burundi PARCEM

Icegeranyo ci ndwi Iteka n’Ijambo n°527

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 18-24Rusama 2025.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka kirihweza kandi ivya politike,umutekano,ubutungane,ubufasha,intwaro ibereye hamwe n’ ubutunzi.Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike vyaranze iyindwi, Continue reading Icegeranyo ci ndwi Iteka n’Ijambo n°527

Icegeranyo ci ndwi Iteka n’Ijambo n°525

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 04-10Rusama 2025. Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka kirihweza kandi ivya politike, umutekano, ubutungane, ubutunzi, intwaro ibereye hamwe n’ibidukije. Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu Continue reading Icegeranyo ci ndwi Iteka n’Ijambo n°525