Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°543

Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mundwi yo kuva kuwa 7 gushika kuwa 13 Nyakanga 2026.Kirereka kandi iterambere ahanini ryibonekeje mu bisata nka poritike, umutekano,ibidukikije n’intwaro hamwe n’ibintubishobora kubangamira imibano, ubutunzi n’imico kama.Muri kino kiringo cakoreweko,umuhari Iteka watohoje n’imiburiburi abantu 5 bishwe,muriboharimwo 4 batowe ibiziga, umuntu 1yishwe mu ntumbero yo kwihora na 2 bandi ku mvo z’umutekano.Abantu 2 bakorewe amabi afatiye ku gitsina hamwe n’umuntu 1 yanyurujwe nabo nyene baratohojwe.

Amakuru yatororokanijwe ashira ahabona , mu mabi amwe amwe, abikekwa ko bagize uruhara
nk’ abaporisi,abakozi b’iperereza hamwe n’urwaruka rw’imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi , CNDD-FDD hamwe n’abantu batamenyekaye. Hejuru y’amabi yatohojwe,indwi yaranzwe kandi n’ingorane zijanye n’intererano z’uburyo zitangishwa abanyagihugu, ukuburabuza ry’ibikorwa vy’urudandazwa, ibikorwa abantu bamwe bamwe bategekwa gukora,ingorane ziguma zibonekeza mu gisata c’indero, hamwe namasanganya menshi mu bidukikije no muvy’isuku. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*