ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI MU KWEZI KWA MYANDAGARO 2026

Iki cegeranyo c’ukwezi kwa Myandagaro 2026 kivuye mu ruvange rw’ivyegeranyo Iteka n’Ijambo vyo kundwi ku ndwi kuva kuri nomero 538 gushika kuri 541.Ico cegeranyo cihweza inyifato y’agateka ka zina muntu.Kiragaruka ku burenganzira bw’abantu no muri politike hamwe n’uburenganzira ku butunzi,imibano n’imico kama.Co kimwe n’uburenganzira bw’imigwi canecane uburenganzira bw’abana.Ico cegeranyo kirangiza mu mpera n’uguszera hamwe n’ibisabwa.

Gutyo,agateka k’abantu no muri politike muri kino cegeranyo co muri kuno kwezi kaboneka ugukwirikira: abantu 28 barishwe harimwo 15 batowe ibiziga bikwiragiye mu burere butandukanye,abantu 2 baborejwe igufa,abantu 5 bakorewe amabi afatiye ku gitsina bose bakaba ari abagore bashurashujwe. Mu bakorewe amabi 8 ni abagore harimwo abagore 3 bishwe n’abagore 5 bashurashujwe.Abantu barahagaritswe,bose b’abagabo.

Imbonerakure, abapolisi, abo mu ntwaro n’abasirikare hamwe n’abandi bantu batari kure y’abanywanyi b’
umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD baradomwako urutoke nk’abikekwa ko menshi muri ayo mabi ku gateka ka zina muntu n’ubwicanyi.

Naho ababikoze bamwe bataramenyekana,ukuntu vyakozwe kenshi bisa n’ibikorwa n’iyo migwi yavuzwe. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*