Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo kuva ku wa 27 Mukakaro gushika 02 Myandagaro 2026.Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka kirihweza kandi nk’ ivya politike,umutekano, intwaro n’ubufasha. Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike, uburenganzira ku butunzi,imibano, n’imico kama hamwe n’uburenganzira bw’imigwi.
Amabi y’ihohoterwa ry’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’ihungabana ry’umutekano vyabonetse kandi vyatohojwen’umuhari iteka bimeze ugukwirikira muri kino kiringo:n’imiburiburi abantu 11 barishwe harimwo 5 batowe ibiziga,umwana umwe yishwe,abagore 2 bishwe kubera ihohoterwa rifatiye ku gitsina,abantu 2 bapfuye bahitanywe n’umuriro uvuye ku pikipiki itwaye igitoro mu bidumu.Umuntu 1 yaborejwe igufa; 4 bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo umukobwa 1 akiri muto yashurashujwe,abagore 2bapfuye. Vyongeye, abantu 4 barahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD,abaporisi hamwe n’abatware nibo ahanini bagirizwa nk’abikekwako iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu. Soma icegeranyo