ICEGERANYO C’UMUGAMBI WA RETA Y’UBURUNDI WO GUKORA NO GUTANGA INTEBE 336 000 : INTAMBWE UGEZEKO,INTAMBAMYI HAMWE N’IBISABWA

Buca hatangura umwaka w’ishure 2025-2026, Reta y’u Burundi yari yategekanije uburyo mu mugambi wayo « Abana bose bicare neza » ufise intumbero ko atamwana n’umwe yo kwiga mu buryo butabereye,mu guha amashure igitigiri c’intebe zikwiye kugira bashike kw’ ihangiro ry’abanyeshure 2 ku ntebe. Ishirwa mungiro ry’uwo mugambi ryaratevye cane.Inganda zikora intebe ubu zirakora mu makomine menshi kandi intebe za mbere zirarindiriwe mu mwaka w’ishure2026-2027.

Mu mashure shingiro menshi,abanyeshure bamaze igihe kinini bakwirikirana ivyigwa mu buryo buteye agahinda:Bicaye ku matafari canke hasi,bahagaze mu mwanya w’ivyigwa,canke bicaranyeko ari 4 canke 5 ku ntebe yagenewe abanyeshure 2. Ubwo buryo bigamwo ntibworohereza ugukwirikirana neza,ukwimura ivyigwa kandi biragabanya cane akanovera k’inyigisho. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*