Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu mu Burundi muri ino ndwi yo kuva kuwa 20 gushika kuwa 26 Mukakaro 2026. Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka uranihweza ibijanye n’umutekano,poritike,intwaro hamwe n’ubufasha. Kiranihweza kandi amabi yerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu no muri politike vyaranze iyi ndwi.
Amabi y’ihonyanga ry’agateka ka zina muntu yabonetse kandi yatohojwe n’umuhari Iteka ameze uku gukwirikira : n’imiburiburi abantu 6 barishwe harimwo ibiziga 3 vyatowe,2 arivyo inzoya.Abana 2 bahitanywe n’igisasu ntezwantoke,umuntu 1 yahitanywe n’umuyagankuba w’igiti c’amatara caguye mw’ibarabara.Abantu 3 bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo 2 bashurashujwe hamwe n’abantu 3 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
Ahanini abikekwako ayo mabi ni abo mu ntwaro,abaporisi,abasirikare,abakozi b’iperereza hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Soma icegeranyo