Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°548

Icegeranyo c’indwi ITEKA N’IJAMBO n° 548 c’umuhari uharanira agateka ka zina muntu nu Burundi ITEKA gikorera ku kiringo co kuva kuwa 12 gushika 18 Gitugutu 2026. Gishira ahabona amabi menshi y’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu n’ingorane z’imibano n’ubutunzi bikora ku banyagihugu bo mu Burundi.

Kuvyerekeye ubwicanyi,abantu 13 barishwe canke bagatorwa ibiziga baravugwa, mu buryo butandukanye:amabi yakozwe,ukwiyahura,isanganya mu butare,ibitero vy’ibikoko vyo mu mazi hamwe n’ibihuhusi. Ivyo biharuro birimwo urupfu rwa Bruce Sebanza inyuma y’ ikubagerwa ryakozwe n’abajejwe umutekano,itorwa ry’ikiziga c’umugabo yanizwe ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, abantu 6 bishwe n’imvubu canke ingona n’imfu 3 zegekwa ku mvura y’isegenya n’umuyaga w’igihuhusi mu ntara ya Butanyerera. Ivyo bintu biratandukanye kandi si vyose,muri ivyo nyene,ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Icegeranyo kiravuga kandi abantu 3 babuzwe irengero,harimwo ukuburwa irengero kw’abantu 2 bavuzwe amazina ,ihagarikwa ry’impunzi y’umunyakongo mu banyamulenge abiwe batazi aho apfungiwe,hamwe n’imiyabaga 2 yabuzwe irengero inyuma y’aho babanje gupfungwa mw’ibohero rya komine Gisuru. Ico cegeranyo kiragaruka kandi ku bantu 3 bahagaritswe biteye amakenga mugihe c’ibikorwa vy’isaka mu makaratiye y’ibisagara biherereye ku rubibe na Kongo cane cane Rumonge. Kuvyerekeye ubushurashuzi,abantu 5 babikorewe harimwo abakobwa,imiyabaga n’abagore baravugwa,cane cane abana,agakobwa gafise imbanyi y’amezi 3 n’umugore akiri muto yagize ingorane zokubura imiti n’itotezwa.Ivyo biharuro bihuye n’ibiri muri ico cegeranyo kandi ntivyerekana amabi yabaye yoseyabaye muri iyo ndwi.

Uburenganzira ku butunzi n’imibano nabwo burabangamiwe.Mu makomine ya Kirundo, imihana 135 yoba yaravuye mu gihu n’abagabo barenga 315 boba barataye imiryango yabo baja kurondera ubuzi hanze.Abarimyi ibihumbi n’ibihumbagiza kurundi ruhande barazwe ko barishe hagati ya 28 000 na 33 000 fbu ku gapapuro barihiyeko ifumbire ntibayironka.Kuri izo ngorane hiyongerako kubura amazi meza i Kiremba,ibikoresho vy’ishure bidakwiye hamwe n’ibibazo vy’isuku kw’ishure shingiro ya Kinga, aho abanyeshure 847 : abakobwa 441 n’ abahungu 406 basangira utuzu twa Surwumwe 8.

Isegenya mu ntara ya Butanyerera ku biyerekeye yasambuye amazu 2 052, harimwo 800 zatabagaye, amashure 28 ,hamwe n’ugutakaza ihegitari 2 034,4. Mu gusozera,haravugwa ubunenge mu nteguro y’amatora y’ 2027 n’’ingorane zijanye n’imigirwa imwe imwe mu burongozi n’ubutunzi bisaba kurikanura cane.

Gikoresheje ivyo,iki cegeranyo n° 548 gishira ahabona uguhamagarana kw’uburenganzira bw’ukwigenga,poritike,ubutunzi n’imibano kandi kirerekana ko hakenewe gukwirikirana amabi avugwa,gukingira ababikorewe n’ukubaronsa ubutungane bukwiye. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*