Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo kuva ku wa 03 Myandagaro gushika 09 Myandagaro 2026. Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka kirihweza kandi nk’ ivya politike,ubutungane,umutekano n’intwaro. Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike.
Amabi y’ihohoterwa ry’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’ihungabana ry’umutekano vyabonetse kandi vyatohojwe n’umuhari iteka bimeze ugukwirikira muri kino kiringo:n’imiburiburi abantu 12 barishwe harimwo 8 batowe ibiziga hamwe n’umwe yakorewe amabi afatiye ku gitsina.
Mu bakorewe amabi harimwo abagore 2bishwe harimwo uwishwe n’umugabo wiwe.
Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD,abakozi b’iperereza, nibo ahanini bagirizwa nk’abikekwako iryo honyangwa ry’agateka ka zina muntu. Kandi abaporisi hamwe n’abatware barerekanwa nk’abifatanya mu mabi. Soma icegeranyo