ICEGERANYO CEREKEYE UMWIHWEZO W’ IMISHAHARA Y’ABAKOZI BA RETA MU BURUNDI: UBUSHOBOZI BWO KUGURA,UBUSUMBASUMBANE BW’IMISHAHARA HAMWE N’INGARUKA KU MIBANO N’UBUTUNZI

Akanovera k’intwaro yose kabonekera ahanini ku karusho,intumbero hamwe n’ukworohereza abakozi bayo.Mugihe umukozi wa Reta atagira uburyo bukwiye kugira ashobore kubeshaho umuryango wiwe,ni umwitwarariko wa Reta nyene bigarukako.Mu bihe birangwa n’iduga ryimonogoje ry’ibiciro,ubuzima buguma buzimba kandi ububasha bwo kugura butera butituka,ikibazo c’imishahara y’ abakozi ba Reta uno musi biboneka nk’intambamyi ikomeye y’intwaro hamwe n’ iterambere bihanze u Burundi.

Ni muri iyo ntumbero umuhari Iteka na King Umurundi Freedom,mu mugambi UMUSEKE ,batanguye icigwa kugira berekane uko imishahara y’abakozi ba Reta yifashe mu Burundi.Intumbero n’ugupima ubushobozi hagati y’imishahara nyezina hamwe n’igiciro c’ubuzima bw’ubu,kwihweza ubutandukane bw’imishahara buhari hamwe n’ugusuzuma inkurikizi zavyo ku kuntu abakozi ba Reta babayeho, akanovera k’ivyo bakora hamwe n’iterambere ry’imibano n’ubutunzi bw’igihugu. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*