Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mundwi yo kuva kuwa 10 gushika ku wa 16 Myandagaro 2026.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka uranihweza ivya poritike,umutekano,intwaro hamwe n’amagara.Kirasuzuma kandi ibintu vyerekana.
Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu no muri poritike vyaranze iyi ndwi.Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi katohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira: n’imiburiburi abantu 5 bishwe bose batowe ibiziga,umwe yakorewe amabi afatiye ku gitsina,hamwe na 2 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
Ahanini abikekwako ivyaha ni abo mu ntwaro,abaporisi,abo mw’iperereza hamwe n’urwaruka
rw’Imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD. Soma icegeranyo