Umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi « Iteka » uri n’iteka ryo kubitura n’icubahiro cinshi,ariko kandi n’ukuremerwa bivuye ku bintu biteye agahinda uhejejwe kumenyeshwa.
Ishirahamwe ryacu rihejeje kumenyeshwa ko hariho ingingo ishobora gutuma impunzi z’abarundi hamwe
n’abarondera ubuhungiro ubu bari ku butaka bw’uburundi bashobora kwirukanwa.
Ata gukekeranya hari ingingo z’intwaro canke ubutungane boba bafatiwe,umuhari Iteka wipfuje,muri runo
rwandiko,gusaba n’icubahiro ariko ushimitse mugire ico mukoze Nyenicubahiro kugira ntihagire impunzi n’imwe canke uwusaba ubuhungiro w’umurundi asubizwa mu Burundi atavyishakiye,mugihe ata suzuma kuri umwe umwe,ryemewe kandi ryisunze amategeko mpuzamakungu yo gukingira impunzirizoba ryakozwe. Soma ibaruwa