Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°534

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 06-12 Mukakaro 2026. Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka kirihweza kandi nk’ivya politike, umutekano, ubutunzi n’intwaro. Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike vyaranze iyi ndwi.

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi ryatohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira muri kino kiringo:n’imiburuburi abantu 4 bishwe harimwo 4 batowe ibiziga n’umwe yahitanywe n’umuriro wo mw’isoko rya Ngozi, abantu 2 bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo abakobwa 2 bakiri bato ku nguvu hamwe n’umuntu umwe yanyurujwe.

Ahanini abagirizwa ubwo bubisha ni abo mu ntwaro,abaporisi,abasirikare hamwe n’imbonerakure z’umugamwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*