Icegeranyo Iteka n’ijambo n°530

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo kuva kuwa 8 gushika kuwa 14 Ruheshi 2026. Muri kino cegeranyo,umuhari Iteka uranagira umwihwezo wa poritike, umutekano,ubutungane hamwe n’intwaro.Kirihweza kandi ibintu vyerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu no muri poritike vyaranze iyindwi.

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryibonekeje kandi ryatohojwe n’umuhari Iteka rimeze ugukwirikira: n’imiburiburi abantu 10 bishwe harimwo 9 batowe ibiziga murivyo ibiziga 6 vy’ abana ;abantu 2 banyurujwe hamwe n’umuntu 1 yahagaritswe yongera arapfungwa biciye kubiri n’ amategeko.

Abikekwa ko ayo mabi ahanini ni abo mu ntwaro,abaporisi,abasirikare hamwe n’urwaruka rw’ Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*