Iki cegeranyo cerekana inyifato yagateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 01-7 Ruheshi 2025. Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka urihweza kandi nk’ ivya politike,intwaro n ubutungane. Urihweza uburorero bw’amabi akorerwa abantu no muri politike, hamwe n’uburenganzira ku mibano, ubutunzi n imibano vyo muri iyi ndwi.
Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu umuhari iteka werekanye rigizwe : N’imiburiburi n’abantu 8 bishwe, harimwo ibiziga 4 vyatowe n’abantu 2 bakorewe amabi yo munzu,umuntu 1 yanyurujwe n’1 yahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
Abikekwako ayo mabi ni abo mu ntwaro, abapolisi hamwe n’urwaruka rw’ Imbonerakure z’ umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Soma icegeranyo