Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°531

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 15-21 Ruheshi 2026.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka kirihweza kandi nk’ ivya politike,umutekano,ubutunzi,agateka ka zina muntu,ibidukikije,intwaro hamwe n’ ubutungane.Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike vyaranze iyindwi.

Amabi umuhari Iteka wabonye kandi watohoje ameze ugukwirikira : n’imiburiburi abantu 8 bishwe,harimwo 6 batowe ibiziga muribo harimwo ikiziga c’umwana w’imyaka 6 ;umukobwa 1 yafashwe ku nguvu,abantu 2 banyurujwe hamwe n’abantu 3 bahagaritswe bagaca bapfungwa biciye kubiri n’amategeko.Mu babikorewe, abakobwa 3 n’umugore 1 barishwe hama umwe arafatwa ku nguvu.

Ahanini abikekwako ayo mabi ni abo mu ntwaro,abapolisi,abasirikare,hamwe n’urwaruka rw’ Imbonerakure z’ umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*