Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°525

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 04-10Rusama 2025. Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka kirihweza kandi ivya politike, umutekano, ubutungane, ubutunzi, intwaro ibereye hamwe n’ibidukije. Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike vyaranze iyindwi.

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi ryatohojwe n’umuhari Iteka rimeze uku gukwirikira: abantu 2 bishwe,bose batowe ibiziga hamwe n’abana 3 bishwe harimwo imbanyi yakorowe nyina atabishaka, 3 kakorewe amabi afatiye ku gitsina bose b’abakobwa bafise imyaka iri musi ya 18 hamwe n’umuntu 1 yakorewe amabi yo murugo,umuntu 1 yanyurujwe,2 bafashwe bunyamaswa harimwo umwana hamwe n’umwe yahagaritswe yongera arapfungwa biciye kubiri n’amategeko.Ahanini abikekwako ayo mabi n’abo mu ntwaro,abapolisi,abasirikare,urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri u butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*