ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI KIRINGO CA NTWARANTE –NDAMUKIZA 2026

Muri Ntwarante na Ndamukiza 2026,Uburundi bwaranzwe n’ihonyanngwa rikabije ry’agateka ka zina muntu.

Ryagirizwa Reta hamwe n’abandi bantu bacuditse cane n’umugambwe uri ku butegetsi.Mu cuka c’ ukudahana, abaharanira agateka ka zina muntu,naho babirwanya,biragorana ko bayumvira. Utwigoro bakora mugushira ahabona ayo mabi ni utwubusa uravye akagama ka Reta,yirengagiza akamo iterwa kayikeburira gukoresha ubutungane n’ugukora amatohoza akomeye.Umuhari iteka ,nk’uwakwirikiranye intambwe kuyindi inyifato y’agateka ka zina muntu mu gihugu nahobitoroshe ku rubuga,waharuye abantu 72 bishwe muri kino kiringo harimwo 31 batowe ibiziga mu burere butandukanye bw’igihugu.

Iruhande,ukunyuruzwa no kubuza irengero vyarateye amakenga cane,ku bantu 9 vyabayeko mu gacerere bigasiga agahinda mu miryango yabo.Amajambo aca inkokora arazunguruka,avuga ko ifatwa ry’abantu bafata ko batavuga rumwe na reta bikekwa ko batemeye kwinjira umugambwe uri kubutegetsi,rikorwa n’ abajejwe umutekano canke urwaruka rw’Imbonerakure,zifadikanije n’ubutehetsi.
Uko kuburwa irengero kwasiga imiryango mu kangaratete hamwe n’umwiheburo mwinshi,ata kiyambu c’ababo bakunda.Icuka kandi caranzwe n’ibikorwa vy’ukuboreza igufa abantu,umuhari Iteka umenyesha abantu 5 babikorewe mu ntara ya Gitega,aho haharuwe 2,na Burunga,aho abantu 3 aribo bakozweko n’ uko gufatwa bunyamaswa.

Muri ico kiringo nyene,abantu 29 barakorewe amabi afatiye ku gitsina nabo nyene baratohojwe.Muribo,22 bafashwe ku nguvu,harimwo 20 b’abana canke abakobwa bari musi y’imyaka 18.Imbonerakure, hamwe n’abo mu ntwaro n’abapolisi,baravuzwe kenshi nk’abikekwako ubwo bunyamaswa.

Mu gusozera,umuhari Iteka waranavuze abantu 4 bahagaritswe biciye ku biri n’amategeko:
3 iButanyerera n’umwe mu Buhumuza. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*