Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu mu Burundi muri ino ndwi yo kuva kuwa 27 Ndamukiza gushika kuwa03 Rusama 2026. Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka uranihweza ibijanye n’ubutungane,umutekano hamwe n’ubufasha.Kiranihweza kandi amabi yerekana ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu no muri politike vyaranze iyi ndwi.
Amabi y’ihonyanga ry’agateka ka zina muntu yabonetse kandi yatohojwe n’umuhari Iteka ameze uku gukwirikira : n’imiburiburi abantu 3 barishwe harimwo ibiziga 2 vyatowe,abantu 5 bafashwe ku nguvu harimwo abakobwa 4 bari musi y’imyaka 18.Kandi kuvyerekeye agateka k’abana,abana 11 bakorewe amabi baraharuwe.
Ahanini abikekwako ayo mabi ni abo mu ntwaro,abapolisi,abasirikare hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD. Soma icegeranyo