Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 13-19 Mukakaro 2026.Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka kirihweza kandi nk’ ivya politike,ubutungane,umutekano n’ ibidukikije.Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike, hamwe n’ uburenganzira ku butunzi,imibano, n’imico kama.
Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi ryatohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira muri kino kiringo : n’imiburuburi abantu 7 bishwe harimwo 2 batowe ibiziga, 2 biyahuye, 8 bahitanywe n’isanganya mugihe c’igikorane ca Kanguka.Mubantu bishwe,harimwo umwana yapfuye mu bintu bikirimwo agapfungu vyotuma bibaza ko yishwe.Abantu 6 bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo 4 bashurashujwe bagizwe n’abana 3 hamwe n’umugore akuze.Vyongeye umuntu 1 yarahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD,abaporisi hamwe n’abatware nibo bagirizwa kuba kw’ isonga ry’ abahonyanga agateka ka zina muntu. Soma icegeranyo