Icegeranyo ci ndwi Iteka n’Ijambo n°526

Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 11-17Rusama 2026.Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka urihweza kandi ivya politike,umutekano hamwe n’ubufasha .Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike vyaranze iyindwi.

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi ryatohojwe n’umuhari Iteka rimeze uku gukwirikira: ni imiburiburi abantu 6 barishwe harimwo 5 batowe ibiziga,umugabo 1 yazize amabi afatiye ku gitsina, abatu 3 baborejwe igufa hamwe na 2 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko hamwe na 3 bakomeretse barashwe n’abapolisi.

Muri abo bakorewe amabi harimwo abagore 2 bishwe,umugore 1 yaborejwe igufa hamwe n’umwana1 yishwe.

Ahanini abikekwako ayo mabi n’abo mu ntwaro,abapolisi,abasirikare,urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*