Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 18-24Rusama 2025.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka kirihweza kandi ivya politike,umutekano,ubutungane,ubufasha,intwaro ibereye hamwe n’ ubutunzi.Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw’abantu no muri politike vyaranze iyindwi, uburenganzira ku mibano,ubutunzi n’imibano hamwe n’uburenganzira bw’imigwi.
Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi ryatohojwe n’umuhari Iteka rimeze uku gukwirikira: n’imiburi-buri abantu 5 barishwe harimwo 4 batowe ibiziga,umuntu 1 yafashwe bunyamaswa ;abantu 5bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo abana b’abakobwa 2 bafashwe ku nguvu hamwe n’abagabo 2 n’umugore 1 bakorewe amabi mu mazu.
Ahanini abikekwako ayo mabi n’abo mu ntwaro,abapolisi,hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri u butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo