Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°544

Indwi yo kuwa 14 gushika kuwa 20 Nyakanga 2026 yararanzwe n’ibibazo bikomeye mu bijanye n’agateka ka zina muntu, umutekano,poritike itandukanye hamwe no mu mwumvikano mu kibano,hasigaye amezi adashika 8 ngo habe amatora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe muri Rusama 2027.

Ivyo vyarashizwe ku mugaragaro ,kuwa 18 Nyakanga 2026 i Genève, mu kwerekanwa mw’ikoraniro ry’ibihugu vyunze ubumwe ku gateka ka zina muntu, mu cegeranyo c’2026 c’umuhinga adasanzwe akwirikirana agateka ka zina muntu mu Burundi, Fortuné Gaetan Zongo, c’ijambo ry’umutwe« Agir avant qu’il ne soit trop tard ». Muvyo yashikirije, umuhinga adasanzwe yarakebuye ku bimenyetso vyinshi vy’amakenga amatora y’umukuru w’igihugu y’2027 yimirije,nk’ikumirwa ry’imigambwe myinshi,intambamyi z’ihiganwa nyezina mu matora,icuka kibi kirangwa n’ubwicanyi budatahuritse canke ndengerabutungane,
ukuburwa irengero,ukuborezwa igufa hamwen’ugupfungwa biciye kubiri n’amategeko,hamwe
n’iyibonekeje mu matora aheruka biguma vyisubiriza.

Ibintu vyatohojwe n’umuhari ITEKA mu ndwi yo kuva kuwa 14 gushika kuwa 20 Nyakanga 2026 bitegerezwa gusomwa muri ino shusho rusangi.Vyerekana ku rwego rw’igihugu,ingorane ziguma zibonekeza mu gihugu,bitanakunda ko babitorera umuti bonyene muri rusangi mu gihugu cose. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*