Muri iyi ndwi yo kuva kuwa 22 gushika kuwa 28 Ruheshi 2026,mu gisata c’agateka ka zina muntu hari
ibintu biraje ishinga mu Burundi.Iki cegeranyo gishira ahabona ibintu bikomeye bijanye na politike,umutekano,ubutungane n’intwaro,bigaragaza uruhagarara ruri mu gihugu.Ibintu vyaranze iki
kiringo ni vyinshi kandi biteye agahinda,vyerekana ihonyangwa ry’agateka k’abantu no muri poritike.
Umuhari Iteka waratohoje amabi ababaje:n’imiburiburi abantu 5 barahasize ubuzima,harimwo abatowe
ibiziga 3.Vyongeye,abagore n’abakobwa 4 barafashwe ku nguvu,muribo abana 3 b’ abakobwa.Umuntu
umwe kandi yaraborejwe igufa.
Mubahuye n’amabi harimwo abagore 2 bishwe hamwe n’umugore 1 hamwe n’abakobwa 3 bakiri abana
bafashwe ku nguvu.
Ahanini abagirizwa ubwo bubisha ni urwaruka rw’Imbonerakure,abanywanyib’umugambwe uri ku
butegetsi CNDD-FDD hamwe n’abatware n’abapolisi.Naho nyene ababikoze bamwe bamwe
batamenyekanye, uburyo bikorwamwo busa n’ubw’iyo migwi,bikazana icuka c’ukudahana. Soma icegeranyo