Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi muri ino ndwi yo kuva kuwa 13 gushika kuwa 19 Ndamukiza 2026.Muri iki cegeranyo,umuhari iteka uranihweza ishusho y’umutekano, ubutungane,intwaro hamwe n’ubutunzi.Kirihweza kandi amabi yerekeye ihonyangwa ry’uburenganzira bw’ abantu no muri politike yaranze iyi ndwi.
Amabi y’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu yibonekeje kandi yatohojweko n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira: n’imiburiburi abantu 6 barishwe harimwo 3 batowe ibiziga,abantu 3 bafashwe bunyamaswa canke bafashwe mpiri,abakobwa 2 b’abana bakorewe amabi afatiye ku gitsina hamwe n’umuntu 1 yanyurujwe.Twomenyesha ko hasubiriye kuboneka umuntu 1 hari haciye imisi anyurujwe.Ku bakorewe amabi bashika 10, batatu ni abana harimwo udukobwa tubiri n’uruyoya.
Ahanini abikekwako ayo mabi ni abakorera Leta,abapolisi,abasirikare n’Imbonerakure z’umugambwe uri ku bute-getsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo