Uguhungura ku bushake impunzi z’abanyakongo bibwirizwa kunyaruka mu ntumbero yo gukingira agateka shingiro kabo,nk’uburenganzira ku ndero y’abana.

Mu ntumbero y’umugambi UMUSEKE,umuhari wo mu Burundi uharanira agateka ka zina muntu Iteka hamwe na King Umurundi Freedoom arabandanya barabandanya igikorwa cabo co gutohoza uko impunzi z’abanyakongo zahunze indyane mu buseruko bwa Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo kandi zakiriwe mu Burundi.

Inyuma y’akamo duherutse gutera kerekeye uguhunguka kw’impunzi z’abanyakongo ku bushake bwazo,amashirahamwe yacu arashima ko igikorwa co guhungura ku bushake,cashizweho na HCR,ifadikanije na Reta y’Uburundi, kibandanya neza.Urwo rugezo ni intambwe ikomeye mw’ishirwa mu
ngiro ry’amasezerano mpuzamakungu yo gukingira impunzi hamwe no kwubahiriza amahitamwo yabo yo gusubira mu gihugu c’amavukiro. Soma akamo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*