Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°533

Iki cegeranyo cerekana inyifato y agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 29 Ruheshi Ruheshi-05 Mukakaro 2026. Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka kirihweza kandi nk ’ivya politike, umutekano n’intwaro. Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw abantu no muri politike, hamwe n’uburenganzira ku butunzi,imibano, n’imico kama muri iyindwi hamwe n’uburenganzira bw imigwi.

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabonetse kandi ryatohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira muri kino kiringo:n’imiburuburi abantu 7 bishwe harimwo 4 batowe ibiziga na 2 bishwe mu mabi yo munzu,umwe yanyurujwe, 4 bakorewe amabi afatiye ku gitsina harimwo 2 bafashwe ku nguvu b’abana b’abakobwa hamwe n’abantu 100 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.

Ahanini abagirizwa ubwo bubisha ni imbonerakure z’umugamwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, abakora iperereza, abapolisi hamwe n’abo mu ntwaro. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*