Muri mezi ya Rusama na Ruheshi 2026,Uburundi bwaciiye mu bihe bibabaje birangwa n’ihonyangwa rikabije ry’agateka ka zina muntu ryagirizwa Reta hamwe n’abandi bantu bacuditse cane n’umugambwe uri ku butegetsi.Mu cuka c’ukudahana, abaharanira agateka ka zina muntu,naho babirwanya,biragorana ko bayumvira. Utwigoro bakora mugushira ahabona ayo mabi ni utwubusa uravye akagama ka Reta,yirengagiza akamo iterwa kayikeburira gukoresha ubutungane n’ugukora amatohoza akomeye.Umuhari iteka ,nk’uwakwirikiranye intambwe kuyindi inyifato y’agateka ka zina muntu mu gihugu ku rubuga,waharuye abantu 42 bishwe muri kino kiringo. Iruhande,ukunyuruzwa no kubuza irengero vyarateye amakenga cane,ku ncuro 7 zahitanye abantu 9. Abatavuga rumwe na Reta,abanywanyi b’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’abasirikare bari mu gisirikare bari mukaruhuko ko muza bukuru nibo baguma bahamwa n’abarongozi,bakora ibishoboka cose kugira babuze kuvuga abatabuyoboka bose,bigatuma gutyo bashaka ko umuntu wese yinjira mu mugambwe uri ku butegetsi.
Ivyo bikorwa vyo kuburabuza kenshi bikorwa n’abajejwe umutekano canke akagwi k’imboerakure,zegereye ubutegetsi.
Uko kunyuruza gusiga imiryango mu kangaratete n’umwiheburo,ata nkuru z’ ababo.Ico cuka caranaranzwe n’ ibikorwa vy’ikubagurwa,umuhari Iteka watohoje abanyurujwe 6 mu ntara ya Gitega,aho incuro 3 zari zaharuwe ,hamwe n’i Burunga,aho abantu 2 bagize ayo makuba,hamwe na Bujumbura ,ku muntu 1 ari mu bahoze ari abasirikare bakukurutse.
Ku rundi ruhande,muri kino kiringo,abantu 21 bakorewe amabi afatiye ku gitsina baratohojwe. Muri abo,abantu 13 barafashwe ku nguvu, muribo abana 10.Intara ya Buruga yaje kw’isonga ku bantu benshi bakorewe amabi nk’ayo bavuzwe,bakwiza incuro 9, hagakwirikira Butanyerera ku ncuro 6,Gitega ku bakorewe amabi 4, na Bujumbura 2. Imbonerakure,hamwe n’abakozi bo muntwaro, hamwe n’abapolisi,barabonetse ahanini nk’abantu bagirizwa ubwo bubisha ahanini.Mu gusozera,umuhari Iteka waranaharuye abantu 6 bahagaritswe biciye kubirna amategeko: hakozweko 2 mu ntara ya Burunga na Gitega,hamwe n’1mu ntara za Buhumuza na Bujumbura. Soma icegeranyo