Kuri uyu musi uri hejuru aho isi yose ihimbaza umusi mpuzamakungu wo gushigikira ababorejwe igufa, umuhari uharanira agateka ka zina muntu mu Burundi ITEKA urakebura kw’ikubagurwa haba iryo ku rukoba canke ku mutima riguma rikorwa,mbere riguma ryiyongera mu mabohero yo mu Burundi ubwinshi bw’abanyororo bwamaze kurengerana, bwiyongeyeko ku rugero rw’ibice 37 kw’ijana (37%) mu kiringo c’umwaka umwe gusa.
Mu vyegeranyo vyawo vyo kundwi kundwi co kimwe no mu bindi vyegeranyo vyawo ku mwanya ku mwanya,umuhari ITEKA urerekana ababorejwe igufa waharuye.Mugabo ibiharuro biraba ababorejwe igufa ku mugaragaro bonyene.Ariko,umuhari Iteka urazi ko mu busho bw’igiporisi hamwe no mu busho bw’igendereza ry’igihugu baboreza igufa aho abantu benshi bahasiga ubuzima,ariko no guturubika abantu bagahahamuka birarwiriyeyo. Soma itangazo