Iki cegeranyo cerekana inyifato y agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo ku wa 25 25-31 Rusama
2026.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka kirihweza kandi nk ’ ivya politike,intwaro,umutekano,ubutunzi n ’
ubufasha.Kiranasuzuma kandi ibintu biserura amabi abuza uburenganzira bw abantu no muri politike,
hamwe n ’ uburenganzira ku mibano,ubutunzi n imico kama muri iyindwi.
Amabi yiganywe n’umuhari Iteka harimwo: n’imiburiburi abantu 5 bishwe,harimwo 2 batowe ibiziga hamwe n’1 yakorewe amabi munzu,abantu 2 banyurujwe hamwe n’1 yafashwe ku nguvu.Mu babikorewe,abagore 2 barishwe umwe nawe afatwa ku nguvu.
Abikekwako ayo mabi ni abo mu ntwaro, abapolisi, abasirikare, hamwe nurwaruka rw Imbonerakure z’ umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo