ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI KUVA MU KWEZI KWA NZERO GUSHIKA MURI NTWARANTE 2026

Iki cegeranyo ku gateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu kwezi kwa Nzero gushika Ntwarante 2026, kiragaruka ku burenganzira bw’abantu no muri politike hamwe n’uburenganzira ku butunzi,imibano n’imico kama.Iki cegeranyo kirangiza mu mpera n’ugusozera hamwe n’ibisabwa.

Gutyo,agateka ka zina muntu karatitutse bimwe biteye ubwoba:haharuwe n’imiburiburi abantu 111 bishwe harimwo abatoye ibiziga 60,mu bishwe 86 ni abagabo n’abagore 25.Mubakozweko n’amabi,40 barakubaguwe bifatiye kugitsina, harimwo 30 bafashwe kunguvu b’abana,abantu vyakozeko ni abagore 38 hamwe n’abagore 6.

Ibindi biharuro harimwo abantu bafashwe bunyamaswa,abakorewe ayandi mabi atagira izina,abantu 14 banyurujwe canke babuze irengero,hamwe n’abantu 9 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
N’aho abakorewe ayo mabi benshi hataboneka aho bahengamiye muri politike,twomenya ko abanywanyi b’imigambwe batasizwe inyuma,abo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD: 6 bishwe, 2 banyurujwe, 8 bakorewe amabi afatiye ku gitsina na 3 baborejwe igufa.

Haragirizwa kandi abanywanyi b’ Imbonerakure, abantu bo mu ntwaro,abakozi b’igendereza ry’igihugu,hamwe n’abapolisi,bafatwa nk’abahonyanga agateka ka zina muntu ahanini bakanagirizwa n’ubwicanyi bwibonekeje. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*