ICEGERANYO C’UMUHARI UHARANIRA AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI « ITEKA » KU NYIFATO Y’AGATEKA KA ZINA MUNTU MU BURUNDI KIRINGO CA NZERO –RUHUHUMA 2026

Hagati ya Nzero na Ruhuhuma 2026, uBurundi bwaraciye mu bihe vy’ingorane,vyaranzwe n’ihohoterwa  ry’agateka ka zina muntu rikomeye ryegekwa ku bakozi ba Leta canke ababegereye hamwe n’abandi bantu,ataguhanwa. Naho amashirahamwe yigenga yagerageje gushira ahabona ayo mabi,Leta yameze nk’iyitumva akamo k’ubutungane hamwe n’amatohoza yimbitse.Umuhari Iteka,ubikwirikiraniye hagufi,watororokanije abantu 69 bishwe,muribo  harimwo abagabo 51, abagore 18  n’abana 15. Intara ya Gitega yarakozweko cane,ku bantu 28 bishwe,igakurikirwa na Bujumbura kubantu 16, Burunga kuri 11, hanyuma  Butanyerera na Buhumuza , zabonetse mwo abishwe 7kuri imwe imwe. Soma icegeranyo

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*