ABANA BAKIRI BATO, AHANINI BAKOREWE IVYAMFURAMBI N’URWARUKA RW’UMUGAMBWE URI KU BUTEGETSI MU BURUNDI

Mu mwaka wa 2024, umuhari Iteka watororokanije abantu bishwe bashika 447, harimwo 226 batowe ibiziga. Ku rundi ruhande, abantu 144 baratohojwe ko bakorewe amabi afatiye ku gitsina, hamwe n’abana bato 110 n’abagore 29 bafashwe ku nguvu. Vyongeye, haharurwa abantu 39 banyurujwe canke babuzwe irengero, 36 baborejwe igufa, hamwe na 235 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.

Naho biri uko, umwaka wa 2025 nta mpinduka ziboneka wazanye canke akoyokwe kibonekeza. Amabi afatiye ku gitsina, cane cane ayakorerwa abagore n’abana, aguma ari ikibazo  kiraje ishinga mu Burundi, vyerekanwa n’urugezo ruteye ubwoba rw’amabi abera mu mazu hamwe n’ugufata ku nguvu. Imiyabaga yiga, yagize izo ngorane ibikorewe n’abakuze, kenshi baratwara imbanyi, bikabatuma rimwe na rimwe bubaka ku nguvu nk’inyishu, kenshi ku gitsure cumuryango. Abakobwa bagira amakuba yuzuye yo gufatwa ku nguvu, bikaruhira kuvamwo kwubaka ingo batabishaka. Abo bagore b’imiyaga bahindukiri mu gukorora imbanyi canke kwica abana, babonye badashobora kuriha ivyankenerwa hamwe n’amashure y’abana babo. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*