Iki cegeranyo cerekana inyifato y’agateka ka zina muntu mu Burundi mu ndwi yo kuva kw’igenekerezo rya 1-7 Kigarama 2025. Muri iki cegeranyo, umuhari iteka urihweza kandi ishusho ya politike, umutekano, ubutungane, intwaro ibereye hamwe n’ibidukikije. Kiranihweza ibintu vyerekana ihonyangwa ry’agateka k’abantu no muri politike, mu butunzi, imibano hamwe n’imico kama.
Amabi ku gateka ka zina muntu yabonetse kandi yatohojwe n’umuhari Iteka yifashe ugukwirikira muri iki kiringo : n’imiburiburi abantu 4 barishwe harimwo 3 batowe ibiziga, 4 barafashwe ku nguvu ari abana b’imyaka iri musi ya 18, umuntu 1 yaranyurujwe uwundi arahagarikwa hadakwirikijwe amategeko. Muri abo bakorewe amabi, harimwo umwana yatowe ikiziga.
Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, abakorera igendereza, abapolisi hamwe n’abo mu ntwaro baragirizwa kuba ahanini aribo bikekwako ayo mabi y’ihonyanga ry’agateka ka zina muntu. Soma icegeranyo