Iki cegeranyo c’ukwezi kwa Gitugutu 2025 mu ruvange rw’ivyegeranyo vyo kundwi kundwi Iteka n’Ijambo nomero 494 gushika 489. Iki cegeranyo kigira umwihwezo wa politike, umutekano, ubutungane, intwaro, ugufashanya hamwe n’uwo ibidukikije vyaranze iki kiringo. Kiragaruka kandi ku gateka ka zina muntu no muri politike hamwe no ku burenganzira ku butunzi, imibano n’imico kama. Iki cegeranyo kirangizwa munyuma n’incamake hamwe n’impanuro.
Kuri ubwo, inyifayo y’agateka ka zina muntu no muri politike muri kino kiringo c’iki cegeranyo imeze ugukwirikira : abantu 37 barishwe harimwo 27 batowe ibiziga, umuntu 1yaraborejwe igufa, abantu 9 babuzwe irengero harimwo umwe yasubiriye kuboneka, 11 barahohotewe bifatiye ku gitsina harimwo abakobwa 7 bafashwe kunguvu muribo abana 6 abandi bantu 48 barahagaritswe kandi barapfungwa biciye kubiri n’amategeko. Twomenyesha ko muri abo bantu bahagaritswe harimwo 40 bahagaritswe mugihe c’isaka iBujumbura muri karatiye Rumuri “Iyahoze ari Nyakabiga” kandi bapfungiwe muri “BSR”.
Imbonerakure, abapolisi, abo muntwaro hamwe n’abo mw’igendereza n’abasirikare baradomwako urutoke nk’abikekwako menshi muri ayo mabi y’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu n’ubwicanyi. Soma icegeranyo