Icegeranyo Iteka n’Ijambo n°498

Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi muri iyindwi yo ku wa 27 Gitugutu-3 Munyonyo 2025. Muri iki cegeranyo, umuhari Iteka urihweza kandi ivya politike, umutekano, ubutungane, intwaro ubutunzi hamwe no gushigikirana. Kiranihweza kandi ibintu vyerekana amabi akorerwa abantu no muri poitike, uburenganzira bw’imibano-ubutunzi hamwe n’imico kama.

 Amabi ku gateka ka zina muntu yabnetse kandi yatohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira muri kino kiringo : n’imiburiburi abantu 5 bishwe bose batowe ibiziga, abantu 3 banyurujwe,ummwe yafashwe ku nguvu w’umwana afise imyaka iri musi ya 18 hamwe n’umuntu yaborejwe igufa.

 Mu bakorewe amabi, ibiziga 3 harimwo ico umukobwa ummwe hamwe n’abagore 2; ikiziga c’uruyoya hamwe n’abanywanyi ba CNDD-FDD 3 banyurujwe.

Imbonerekure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, abakozi b’igendereza; abapolisi hamwe n’abatware bagirizwa kuba ahanini arikko bakora ayo mabi y’ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*