Icegeranyo c’indwi Iteka n’Ijambo n°489

Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi mu ndwi yo ku wa 25-31/8/2025. Ikirigo caranzwe n’amatora y’abajenama bo ku mutumutumba mu gihugu. Muri iki cegeranyo,umuhari iteka urihweza kandi ishusho ya politike, ubutungane hamwe n’umutekano. Kiraraba kandi ibintu biserura ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu no muri politike hamwe n’uburenganzira ku mibano-ubutunzi n’imico kama.

Amahohoterwa y’agateka ka zina muntu yabonetse kandi yatohojwe  n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira : n’imiburiburi abantu 5 barishwe harimwo ibiziga 4 vyatowe, umuntu umwe yaborejwe igufa hamwe na 5 bakorewe ihohoterwa rifatiye ku gitsina harimwo 3 bafashwe kunguvu.

Ahanini abikekwa ko ayo mabi ni abantu bo mu ntwaro, abapolisi, abasirikare hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*