Iki cegeranyo cerekana neza ingene agateka ka zina muntu kageze ahatemba kigakorera kandi kumutekano waranzwe n’amabi menshi :abantu 7 barapfuye,harimwo 3 batowe ibiziga muribo harimwo uruyoya rukivuka hamwe na 4 muribo 2 bishwe mu myimenyerezo ya gisirikare y’imbonerakure zo mu ntara ya Cibitoke hamwe n’uruyoya rukivuka.Inyuma y’ivyo, abantu 3 baranyurujwe, 5 bagiriwe ihohoterwa rifatiye kugitsina harimwo 1 yafashwe kunguvu n’umuhungu wiwe, na 2 bahagaritswe bidakurikije amategeko.
Kurubwo, ico cegeranyo kirihweza ku burenga nzira bw’abanyagihugu no muri politike ;ubwigenge muvy’ubutunzi n’imibano hamwe n’akaranga, umwihwezo kuri politike,umutekano,
muvyo gutwara hamwe n’ubuntu.
Imbonerakure, abapolisi hamwe n’indongozi nibo baza kwisonga mubagirizwa amabi. soma icegeranyo