Ivyerekeye umuhari

Mu majambo make umuhari Iteka

Umuhari Iteka watangujwe mu mwaka w’1991 utanguzwa n’umugwi w’imboneza zivuye mu mice itandukanye mu mibano n’imirimo, harimwo abigisha mu za kaminuza,abacamanza,abihebeye imana n’abandi. Wemerewe gukorera ku mugaragaro n’itegeko N 550/029 ryo kuwa 6Ruhuhuma 1991, ubona gutyo kuba ishirahamwe rya mbere mu Burundi riharanira agateka ka zina muntu ryemewe n’amategeko kandi rikorera ku mugaragaro mu Burundi.

1.Imbono hamwe n’imico shingiro y’umuhari

1.1. 1.1. Imbono y’umuhari

Umuhari iteka warondera gutanga intererano mu kubaka uBurundi burangwa n’ubumwe n’intwaro rusangi aho higanje amahoro n’umutekano bishingiye kuri Reta nyayo,ubutungane kuri bose,iterambere hamwe n’inyungu rusangi,abantu bashira imbere uwubikwiye kandi uBurundi bubamwo abanyagihugu bishira bakizana bafise uburenganzira shingiro bwose.

1.2. 1.2. Imico shingiro y’umuhari

Umuhari, mu bikorwa vyawo vya misi yose, urafise urukwirikirane rw’imico ushira imbere.Kuri ubwo, uwuharanira agateka ka zina muntu wo mu muhari Iteka ategerezwa kuba ari umuntu w’ukuri kandi yitanga ku nyungu z’agateka ka kiremwa muntu akingira mu bwizigirwa bwose n’ubwitonzi.

Ategerezwa kurinda no kurambukirwa.Ategerezwa guharira kandi ntahengama muvyo ashikiriza.

2.Intumbero hamwe n’amahangiro y’umuhari

Intumbero y’umuhari Iteka ni ugukingira,gutezimbere agateka ka zina muntu hamwe no ku kaburira amabi.

Amahangiro ni nk’aya yo :

*kugwanira kiremwa muntu ku mabi amubuza uburenganzira,na canecane ukwishira no kwizana hamwe n’amateka shingiro ;

*gukinga amabi ku mateka n’ubwigenge bwa kiremwa muntu na cane cane ukwishira no kwizana hamwe n’amateka shingiro ;

*guteza imbere ubushobozi bw’umwe wese mu kugwanira hamwe no guteza imbere uburenganzira bwiwe hamwe n’ubwo abandi,ataravye igitsina canke akarere,ubwoko,umuryango,umugambwe,ishengero canke ibindi ;

*guteza imbere ubushobozi bw’umwe wese bwo kugira uruhara wese,ku buryo bwo kwitanga kandi avyiyumvamwo, mu kubaka Reta ishigiye ku mategeko ;

*kumenyesha abantu haba abo mu gihugu canke mu makungu uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi kandi ata guhengama.

3.Itunganywa ry’umuhari

Umuhari ukomeye ufise abanywanyi barenga 3000 bakwiragiye ku butaka bw’igihugu cose, umuhari Iteka uno musi uri mu mashirahamwe afise aserukiwe cane ku rubuga haba aho rikorera mbere n’inderetsi z’agateka ka zina muntu ziri mu ntara zose z’igihugu kandi,ahantu hamwe hamwe,ku rwego rw’amakomine.

3.1. 3.1. Inama ya bose

Ni urwego rwo hejuru rw’ishirahamwe.Rukorana incuro 2 ku mwaka ku buryo busanzwe kandi,imisi yose iyo bikenewe, ku buryo budasanzwe.Ni muri izo nama abanywanyi bafata ingingo zikomeye zo guteza imbere ishirahamwe muri rusangi hamwe n’agateka ka zina muntu kurundi tuhande.Izo nama zikoranya abanywanyi bavuye mu mihingo yose y’igihugu ribicishije ku batwara imigwi mu ntara hamwe n’abanywanyi b ‘inzego zifise uruhara.

3.2. 3.2. Urwego nshingwa bikorwa

Ni urwego rujejwe intwaro hamwe n ’itunganywa ry’ishirahamwe. Rukorana mu buryo busanzwe rimwe kw’iyinga kandi,iyo bikenewe, mu nama idasanzwe.Rugizwe n’abanywanyi 11 : uwururongoye,icegera ciwe,umunyamabanga mukuru hamwe n’abantu 8 barongoye imigwi.

3.3. 3.3. Umunyamabanga nshingwabikorwa

Ni umugwi wunganira ujejwe gushira mungiro ingingo zafashwe n’inzego cane cane izafashwe n’ugwego nshingwa ntwaro.Rurongowe n’umunyamabanga nshingwa bikorwa.Rugizwe kandi n’icegera c’umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe intwaro n’ubutunzi, icegera c’umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe gutumatumanako hamwe no gutunganya ibikorwa.

3.4. 3.4. Imigwi igize umuhari

Umuhari utunganijwe mu migwi :

*Umugwi w’abagore n’abana, *umugwi w’abapolisi,ubucamanza n’amabohero, * Umugwi w’ugwaruka,* Umugwi uraba ukwishira no kwizana, *Umugwi ujejwe abakozin’ihugurwa, *Umugwi ujejwe ibikoreshon’uburyo, *Umugwi ujejwe amakuru no gutumatumanako*Umugwi ujejwe ivy’ubutunzi,imibano n’imico kama.

3.5. 3.5. Utugwi

Umuhari utunganijwe kandi mu tugwi hakurikijwe inzego zo hasi,hisunzwe amategeko. Ubu tubonekera mu ntara zose.Intara zimwe zifise utugwi tubiri.Ni intara za Cankuzo,Makamba na Muyinga.Akagwi kose gafise, nk’urwego,inzu y’akagwi igizwe n’uwugatwara, icegera c’uwugatwa, umushinguzi,umwanditsi hamwe n’abakomiseri bakwirikirana ibiba mu karere.

Utugwi dukorana natwunyene mu nama ya bose rimwe mu mezi3.Aho utugwi yubonekera hashobora kuboneka ku ruhande.

4.Gushigikirana hamwe n’ivyo bafashanya

4.1. 4.1. Abashigikira bamwe n’abaha uburyo umuhari

Kuva ugitanguzwa,umuhari warose imfashanyo hamwe n’uburyo bw’abakunzi n’abawufasha batandukanye. Bamwe baragumye bafasha mu gihe abandi bisubiyeko bivanye n’iterambere ry’ibisata bakoreramwo. Ubu bwa none,umuhari ufashanya n’abawushigikira hamwe n’abatanga uburyo bakurikira :

• Oxfam Non’VIB • 11.11.11 • HCR • USAID • Christian Aid • Développement et Paix • Search For Common Ground • LDGL • Agir ensemble • FIDH • CNLS • Global rights • PNUD • Amnesty International • UIDH • IANSA • UNIFEM • Union Européenne • Cooperation Suisse • NED • ICCO • ACORD – Burundi • Fonds du Primat.

4.2. 4.2. Ivyo umuhari ukoreramwo

Bugingo bwa none,umuhari Iteka :

*ufise ijunja ryo gutohoza ridasanzwe rikura ECOSOC.

*ni umunywanyi w’urunani mpuzamakungu rw’imiharu iharanira agatika ka zina muntu(FIDH),

*Ni icegera c’uwurongoye urunana mpuzabihugu vya Afirika ku gateka ka zina kmutu(UIDH),

*Ni icegera c’uwurongoye OAG na LDGL

*Urongoye FORSC

Twokwibutsa ko umuhari Iteka ariwo watanguje FORSC, OAG hamwe na LDGL.

5.IMIGAMBI IRIKO IRAKORWA

*Kugwanya amabi akorerwa abagore n’abana

*Gushigikira ubutungane

*Kwiga ivyo guhunguka

*Gukomeza utugwi

*Umwihwezo w’agateka ka zina muntu

*Guteza imbere ubwigenge bwo kumenyesha amakuru

*Kunagura ubushobozi bw ‘inkuru

*Gushigikira abana n’imfuvyi zigeramiwe