Itangazo ry’umuhari Iteka kw’inyuruzwa n’iburwa irengero ry’umupfasoni Chadia Mukaremera, akorera CNIDH

Kuva kuwa 25 Ruhuhuma 2026, umupfasoni Chadia Mukaremera, ajejwe isuku mu murwi w’igihugu wigega ujejwe agateka ka zina muntu (CNIDH), aba muri karatiye Nyakabiga I, kw’ibarabara rya 13, muri komine Mukaza, mu ntara ya Bujumbura yarabuzwe irengero. Kubwo amasoko y’amakuru atandukanye,uwabuzwe irengero yoba yaravavuganye kuri terefone na Chantal Batamuriza,umunyamabanga mukuru wa CNIDH,mu gitondo c’umusi yaburiweko irengero kandi ni naryo jwi ryiwe ryanyuma kuvyo terefone yerekana.Umuhari Iteka ufise amakenga ku kwikwega canke ku kudakora kwa CNIDH kw’inyuruzwa ry’umukozi wayo ukanibaza uko vyogenda ku munyagihugu
abayabaye. Soma Itangazo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*