Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi muri iyi ndwi yo ku wa 6-12 Gitugutu 2025. Muri ico cegeranyo,umuhari Iteka urihweza kandi ivya politike, ubutungane n’intwaro. Urihweza kandi ibintu vyerekana amabi yo ku gateka ka zina muntu hamwe na politike, uburenganzira ku mibano-ubutunzi hamwe n’imico kama utibagiye uburenganzira bw’imigwi canecane uburenganzira bw’abana.
Amabi akorerwa agateka ka zina muntu yabonetse kandi yatohojwe n’umuhari Iteka amezeugukwirikira : n’imiburiburi abantu 5 bishwe bose batowe ibiziga, abantu 4 bafashwe ku nguvu harimwo 1 yafashwe ku nguvu hamwe na 4 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
Muri abo harimwo umugore yishwe,abana 3 bafashwe kunguvu hamwe n’abavuga butumwa 4 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko. Umugore 1 yanyurujwe kandi yavuzwe mu cegeranyo co mundwi iheze yaratowe
Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, abakozi b’igendereza, abapolisi hamwe n’abo mu ntwaro baragirizwa kuba ahanini aribo bagirizwa ayo mabi akorerwa agateka ka zina muntu. Soma icegeranyo