Icegeranyo c’indwi Iteka n’Ijambo n°488

Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi muri iki kiringo c’indwi yo ku wa18-24/8/2025. Ikiringo caranzwe n’ibihe vy’imiyamamazo y’abitoreza ubuhanuzwajambo ku mutumba mu gihugu. Muri kino cegeranyo,umuhari iteka urihweza kandi ivya politike,ubutungane,intwaro hamwe n’umutekano. Uraraba kandi ibintu bigaragaza ihohoterwa ry’agateka ka zina muntu no muri politike hamwe n’uburenganzira ku mibano-ubutunzi be n’imico kama.

Amabi ku gateka ka zina muntu yabonywe kandi yatohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwitikira : n’imiburiburi abantu 5 barishwe, bose batowe ibiziga mu burere butandukanye,abantu 2 baborejwe igufa, 3 bakorewe amahohoterwa afatiye ku gitsina harimwo 2 bafashwe ku nguvu haamwe na 1 yahohotewe n’uwo bubakanye hamwe n’abantu 8 bahagaritswe biciye kubiri n’amategeko. Twovuga umugore 1 yanyurujwe mu Ruyigi bigateshwa kubera abantu babibonye.

Ahanini abikekwako ayo mabi ni abantu bo mu ntwaro,abapolisi hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure z’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo

 

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*