Icegeranyo c’indwi Iteka n’Ijambo n°487

Iki cegeranyo cerekana uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi muri iyi ndwi yo hagati y’uwa 11-
17 Myandagaro 2025. Iki kiringo caranzwe n’ibihe vy’imyiyamamazo y’abitoreza ku buhanuzwa jambo ku
mitumba y’igihugu.Muri iki cegeranyo,umuhari Iteka urihweza kandi ishusho ya politike, y’ubutungane,
ubutunzi hamwe n’umutekano. Kirakorera ku bintu bigaragaza amahohoterwa y’agateka k’abantu no muri
politike hamwe n’uburenganzira ku mibano-ubutunzi hamwe n’imico kama.

Amahohoterwa y’agateka ka zina muntu yabonetse kandi yatohojwe n’umuhari Iteka ameze ugukwirikira :
n’imiburiburi abantu 4 barishwe harimwo 2 batowe ibiziga, 2 baborejwe igufa, 2 bakorewe amabi afatiye ku
gitsina, 2 banyurujwe na 1 yahagaritswe biciye kubiri n’amategeko.
Ahanini abikekwa ko ayo mabi ni abantu bo mu ntwaro, abapolisi hamwe n’urwaruka rw’Imbonerakure
z’umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*