Icegeranyo c’indwi Iteka n’Ijambo n°472

Iki cegeranyo gishira ahabona amakenga gifise ku gateka ka zina muntu hamwe
n’umutekano mu Burundi muri kino gihe kiraje ishinga co gutegura amatora
y’abashingamateka n’abajenama. Iki cegeranyo gishira ahabona ibihe vya politike birangwa
no kutubahiriza agateka ka zinamuntu.

Haharugwa abantu 5 bishwe ,harimwo abagore 3. Vyongeye, abantu 2 baraborejwe igufa
harimwo uwufise ubumuga bwo mumutwe, abana b’abakobwa 2, umwe w’imyaka 5 uwundi 7,
bafashwe ku nguvu hamwe n’abantu 3 bahagaritswe bidaciye mu mategeko harimwo
umukenyezi ahetse akana k’amezi 3.

Agateka k’abantu no muri politike,agateka ku mibano, ubutunzi n’imico kama navyo nyene
birihwezwa muri kino cegeranyo. Ivya politike n umutekano navyo ntibisigwa inyuma.

Imbonerakure, abapolisi n’abatware nibo ahanini bikekwako ayo mabi yo guhohotera agateka
ka zina muntu. Soma icegeranyo

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *

*